abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

#Indundi Sports| Birababaje Intamba za Handball zarawe zikubiswe impaga na Maroc

Umugwi nserukira gihugu w’Uburundi wa Handball w’abatarenza imyaka 18 , waraye utewe impaga kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 30 Myandagaro 2022 n’igihugu ca Maroc , muri ya mahiganwa ya Africa handball championship ariko abera mu gisagara ca Kigali mu gihugu c’Urwanda.

Ikibabaje ni uko uwo mugwi nserukira gihugu w’Uburundi w’abatarenza imyaka 18 wa Handball , waraye ufashe urugendo n’umuduga kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 30 Myandagaro isaha umunani n’igice 14h30 berekeza i Kigali muri ayo mahiganwa mugihe bari bafise urukino rwa mbere mw’ijoro rw’uwo musi nyene isaha zitatu (21h00) , ivyatumye uwo mugwi ucererwa babona kuwutera impaga.

Bamwe bavuga y’uko icoba catumye abo bakinyi bateba ni uko baronse ivyangombwa ( Laisser Passer) igihe c’isaha indwi n’igice 13h30 , abandi nabo ngo bagiye batahawe Ordre de Mission.

Twashoboye kurondera umwe mu barongozi batwara ubushikitanganji bw’inkino kugira atange umuco kuvyereyekeye ugucererwa kw’abo bakinyi n’icerekeye iyo Ordre de Mission ariko ntiyashimye kugira ico ashikirije.

Si irya mbere umugwi nserukira gihugu wa Handball ugize ibibazo nk’ivyo no mu mwaka wa 2018 vyarigeze kubashikira.

Ayandi makuru duhejeje kuronka avuye i Kigali , avuga y’uko urwo rukino rushobora gusubirwamwo ni inkuru tubandanya tubatohoreza.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321