abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Gervais Ndirakobuca na Lt Gén Silas Ntigurirwa bahaye agashirukabute umurwi Bumamuru Fc

Inyuma yaho umurwi Bumamuru Fc unyagiriye Vital’o Fc , imvukira zo muri iyo ntara zatanze agashirukabute ku bakinyi b’uwo murwi .

Hari kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 19 Ruhuhuma 2023 , aho umurwi Bumamuru Fc wo mu ntara ya Cibitoke wari wakiriye umurwi  Vital’o Fc mu rukino rw’indwi ya 20 ya Primus League . Urwo rukino rwarangiye Bumamuru Fc inyagiye Vital’o Fc ibitsindo 4-1 .

Umwe mu bategetsi bari bishikiye kwirabira urwo rukino ni Lt Général Silas Ntigurirwa akora mu biro vy’umukuru w’igihugu.

Amakuru Indundi Sports yaronse yemezwa na bamwe bari mu murwi Bumamuru Fc ni uko inyuma y’urwo rukino umushikiranganji wa mbere w’Uburundi Gervais Ndirakobuca hamwe na Lt Général Silas Ntigurirwa umwe wese yaciye yemerera agashirukabute ku bakinyi ba Bumamuru Fc kangana n’umuriyoni w’amarundi ni ukuvuga yose hamwe ni imiriyoni 2 z’amarundi .

Mwomenya ko bose uko ari babiri basanzwe bavuka mu ntara ya Cibitoke .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321