abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Myugariro w’Intamba mu rugamba akina muri Rayon Sports yoba yaguzwe na Police Fc

Umurwi  Police Fc wo mu cicaro ca mbere mu gihigu c’Urwanda woba wamaze kwumvikana na myugariro w’Intamba mu rugamba asanzwe akinira umurwi Rayon Sports ariwe Ndizeye Samuel .

Ku makuru dukesha ikinyamakuru Yegob co mu Rwanda canditse ko uwo myugariro w’Umurundi amaze kwumvikana na Police Fc , mbere akaba arindiriye ko amasezerano yiwe ahera .

Samuel Ndizeye bikavurwa ko yoba amaze no gushira umukono ku masezerano yo gukinira uwo murwi.

Bikavurwa kandi ko Ndizeye Samuel kuva kera yakunda umurwi Police Fc ariko akabura umuntu amuganiriza .

 

Indundi Sports yarondeye Ndizeye Samuel kugira atange umuco kuri ivyo biriko biramuvurwako akaba yatwishuye ko ayo makuru atariyo .

Mwomenya ko Ndizeye Samuel amaze igihe abazwe urutugu gushika ubu ataratangura imyimenyerezo n’abandi bakinyi b’umurwi Rayon Sports .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321