abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sportsprimus ligue

#Indundi Sports| Ndayishimiye Youssuf mubatereye mu migwi ya Fondation Pax Burundi

Umukinyi Ndayishimiye Youssuf Nyange asanzwe akinira umugwi wa Istanbul Basaksehir wo mu gihugu ca Turquie yagize ico aterereye nawe nyene mu migwi ya Aigle Noir na Tigre Noir.

Ivyo bikaba vyaraye bishikirijwe n’icigera c’uwutwara Fondation Pax Burundi Niyonkuru Domitien mugihe yari yakoranije abanditsi n’abamenyeshamakuru mu ntumbero yo kubamenyesha imigambi bamaze kurangura n’iyindi iri mu nzira.

Niyonkuru Domitien akaba yagize ati: “Umukinyi musanzwe muzi mumenyereye yitwa Ndayishimiye Youssuf Nyange nawe nyene yaravuze  ati ndavye nimba ndi ico ndi ndabikesha Aigle Noir Cs , ndabikesha Fondation Pax Burundi,  nawe nyene yarafashije  cane rwose mw’ihiganwa ry’uyu mwaka aho yatanze  imyambaro ya Aigle Noir  na Tigre Noir n’ibindi bitandukanye”.

Mwomenyako Ndayishimiye Youssuf Nyange imbere y’uko yerekeza i Burayi yahora akinira umugwi Aigle Noir Cs ninawo wamurondereye isoko i Burayi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321