abakinyi bakina hanzefootballhomepageintamba murugambakirundikirundi_Sports

# Indundi Sports| Ramazani Largie yaraye akoze mujisho umugwi Real Madrid

Umukinyi Ramazani Largie w’imyaka 21 yaraye yinjije igitsindo ciwe ca mbere muri Laliga.

Hari kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 14 Myandagaro 2022 , aho ihiganwa ryo mu gihugu ca Espagne (Laliga ) ryatangura icese . Umugwi UD Almeria ukinamwo umusore afise abavyeyi bamuka mu Burundi Ramazani Largie wari wakiriye umugwi Real Madrid umugwi usanzwe ufise amateka adasanzwe kw’isi.

Urwo rukino rwarangiye Real Madrid yirahiye UD Almeria ku bitsindo 2 kuri 1, igitsindo rukumbi ca UD Almeria cinjijwe na Ramzani Largie ku munota wa 5 w’urukino ariko kiza kugomborwa na Lucas Vasquez ku munota wa 61 w’urukino, haciye iminota nka 10 umugwi Real Madrid waciye uronka igitsindo ca 2 ku munota wa 75 iminota 90 ibona kurangira Real Madrid yirahiye UD Almeria .

Ramazani Largie gushika ubu ntarahitamwo gukinira Uburundi nk’uko Indundi Sports twabiyagiwe na Papa wiwe ariwe Ramazani Mwanuke .

Mwomenyako Ramazani Largie amaze gukinira umugwi nserukira gihugu w’abakiri bato w’ububirigi , mukuruwe Ramazani Diamant wewe yahisemwo gukinira umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 895