abakinyi bakina hanzefootballhomepageIKIRUNDI_newsInkinointamba murugambakirundikirundi_Sports

# Indundi Sports| Saido Berahino yahaye ubutumwa abagaya icicaro akinamwo mu bwongereza

“Aboba bavuga y’uko ihiganwa nkinamwo ryo mu cicaro ca gatatu ari rito , baraza barikoremwo nabo turabe”.

Ayo majambo akaba yaraye ashikirijwe na kizigenza w’intamba mu rugamba Saido Berahino mu kiganiro yaraye akoranye na Akeza.net .

Berahino akavuga y’uko rirya higanwa ryo mu cicaro ca gatatu akinamwo ari ihiganwa rigoye cane gusumba na Premier League , kuko amahiganwa yose amaze kuyakina kandi ayazi.

Impamvu Saido Berahino yahisemwo kuja muri uwo mugwi wa Sheffield Wednesday wo mu cicaro ca gatatu ni kugira aronke Promotion ikwiye mu binyamakuru kuko ariho biteye imbere cane gusumba asubire kandi awufashe mo kuduga mu cicaro gikurikira.

Abajijwe impamvu umupira wiwe wasubiye inyuma Berahino akaba yishuye ati : “Mu buzima umuntu wese afise umunsi wiwe. Uno musi Imana irashobora gucana umuco kuri wewe , bukeye igaha umugisha uwundi .

Berahino yarangije avuga y’uko yavuye mu bubirigi ku gushaka kwiwe kuko azi akamaro ko gukina mu bwongereza.

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 896