abakinyi bakina hanzefootballhomepageIKIRUNDI_newsInkinointamba murugambakirundikirundi_Sports

Indundi Sports | Tchabalala abandanya yigenze neza mu gihugu c’Urwanda

Hussein Shabani Tchabalala yahumye mu gihugu c’Urwanda.

Hari kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 17 Ndamukiza 2020, aho ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu gihugu c’Urwanda ryari ryabandanije kundwi yaryo igira 23, aho umugwi As Kigali wari wakiriye Etincelles birangira imigwi yose inganije ibitsindo 2-2.

Umusatirizi w’umurundi niwe yatanguye kwinjijza igitsindo ca mbere ca As Kigali ku munota wa 79 w’urukino asubira atanga n’umupira wavyayemwo igitsindo ca kabiri cinjijwe na Sarpong ku kmunota wa 82 w’urukino.

Hussein Shaban Tchabalala yaciye akwiza ibitsindo 14 mw’ihiganwa ryo mu Rwanda akaba ari nawe afata ikibanza ca mbere mu bamaze kwinjija ibitsindo vyinshi.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 896