abakinyi bakina hanzeEntertainmentfootballhomepageintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Uburundi busigaranye amahirwe angana gute kugira busubire muri CAN?

Umurwi nserukira gihigu w’Intamba mu rugamba ufise akazi katoroshe kugira usubire kwitabira inkino za CAN 2024 .

Amahirwe Uburundi busigaranye ni ibice 20% ivyo bikaba  vyavuzwe n’umwe mu bamenyeshamakuru ba kera Tharcisse Tungabose  akaba yabivuze bivanye n’uko umurwi nserukira gihigu wa Namibia waraye ukoze ibitangaza mu gutsinda Cameroun ibitsindo 2-1 i Johanesbourg mu rukino rwo gusubiriza rwo kurondera itike yo kwitabira inkino zanyuma za CAN 2024 zizobera muri Côté d’ivoire .

Namibia gutsinda Cameroun yaciye ifata ikibanza ca mbere n’amanota 5 , igaca ikurikirwa na Cameroun ifise amanota 4 mugihe Uburundi bufata ikibanza ca gatatu ari naco canyuma n’inota 1 gusa .

Kugira Uburundi busubire muri CAN bizosaba ko butsinda Namibia hama busubire butsinde kandi Cameroun ibintu abantu batari bake babona ko bidashoboka ariko mu mupira w’amaguru ntakidashoboka.

Staff n’abakinyi b’Intamba mu rugamba bakwiye kwicara hamwe bakiyumvira ico bokora kugira basubire gutera iteka igihugu c’Uburundi mu kugiserukira mu nkino za CAN .

Mwomenya ko Namibia mu rukino rwo gutangura washoboye kunganya na Cameroun iwabo aho banganije igitsindo 1-1.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 885