abakinyi bakina hanzefootballhomepageIKIRUNDI_newsInkinointamba murugambakirundikirundi_Sports

# Indundi Sports | Uburundi bwatakaje ikibanza 1 mu rutonde rwa FIFA

Nk’uko vyama buri kwezi , ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA ryama rishira ahabona ingene ibihugu bisumbasumbanya ibibanza kw’isi , Uburundi bwisanze mu kibanza ca 140 mugihe bwari mu kibanza ca 139 , bukaba bwatakaje ikibanza kimwe .

Mu bihugu vyo muri kano karere nka Uganda tuyisanga mu kibanza ca 90 , Kenya ikaza mu kibanza c’i 102, Tanzania mu kibanza ca 131 , mugihe Urwanda turusanga mu kibanza ca 136.

Mwomenyako kw’isi igihugu ca Brésil nico gifata ikibanza ca mbere , Ububirigi bugafata ikibanza ca kabiri mugihe Argentine ifata ikibanza ca gatatu.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 896