abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Youssouf Ndayishimiye yasubiye mu myimenyerezo

 

Umukinyi wo hagati w’Intamba mu rugamba Youssouf Ndayishimiye asanzwe akinira umugwi OGC Nice wo mu Bufaransa yaraye agaragaye mu myimenyerezo y’uwo mugwi .

Hari kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 10 Mukakaro 2023 , aho umukinyi wo hagati w’Intamba mu rugamba Youssouf Ndayishimiye yagaragara ubwa mbere mu myimenyerezo y’umugwi OGC Nice inyuma y’amezi atari make atagaragara mu myimenyerezo y’uwo mugwi biturutse kumvune yari afise .

Uwo mukinyi akaba yari aheruka kuboneka mu kibuga igenekerezo rya 23 Ndamukiza 2023 , igihe umugwi wa OGC Nice akinamwo wanganya na ClermontFoot63 ibitsindo 2-2.

 

Mwomenyako ari inyungu ikomeye cane ku mugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba , bivanye n’uko uwo mukinyi ashobora kuboneka mu rukino rwo gusubiriza ruzohuza Uburundi na Cameroun mu kwezi kw’i 9. rukaba ari urukino rwo kurondera itike yo kwitabira inkino za CAN 2024 izobera muri Côté d’Ivoire aho Uburundi kugira bwitabire izo nkino busabwa kunganya gusa  .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 318