abakinyi bakina hanzeintamba murugambakirundi_Sports

#IndundiSports | Intamba za Handball-18 zizokwakirwa na Assurance AVIA incuti n’abagenzi

Assurance Avia ishirahamwe ryiyemeje kwakira abakinyi ba Handball batarenza imyaka 18.

Inyuma y’aho umugwi nserukira gihugu w’Uburundi wa Handball uvyitwariyemwo neza ugakatisha itike ubwa mbere yo kwitabira inkino za Handball z’abatarenza imyaka 18 z’igikombe c’isi , ishirahamwe rishasha ry’ubwinshingizi Assurance Vie incuti n’abagenzi AVIA rirongowe na Jean Marie Ndayiragije rikaba rikorera kuri Avenue de la France numero 5 , ryateguye umusi mukuru wo kwakira abo bakinyi ba Handball batarenza imyaka 18.

Abo bakinyi bakaba bitezwe i Bujumbura kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 07 Nyakanga 2022 isaha icenda 15h00.

Iryo shirahamwe AVIA rihamagarira abakunzi ba Handball n’inkino muri rusangi kuzoza kwifadikanya nabo muri uwo musi mukuru uzoba kuri uyu wa gatatu.

Indundi Sports ikaba ishimiye cane umumenyeshamakuru wa Buja Fm akongera agatwara igisata ca Marketing mw’ishirahamwe rya Basketball mu Burundi FEBABU akaba kandi icegera c’umukuru w’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino mu Burundi Arsene Lupin Bucuti , yagize uruhara runini cane mu kwumvisha iryo shirahamwe y’uko rikwiye gufata mum abo bakinyi .

Umumenyeshamakuru Arsène Lupin Bucuti

What's your reaction?

Related Posts

1 of 303