BurundiEntertainmenthomepagekirundimembers-membership-requestmusic

Ivy’ubugeni bwa Alvin n’umukunzi wiwe bisa n’ibibandanya gufata umurongo bukebuke

Mu gihe twaheruka kubamenyesha ko ikiri ku minwa y’abantu batari bake hano iwacu ari ryari ubugeni bwa Alvin n’umukunzi wiwe, kuko na Alvin yanaheruka kumenyesha ko azokora ubugeni vuba kugira yerakane ko ari umugabo w’ijunja n’ijambo, umukunzi wiwe nawe yabivuzeko.

Biciye mu bibazo bibazwa ku rubuga rwa Instagram biciye mu gice ca Stories, uwo mwigeme w’umurundikazi asanzwe aba muri Canada, naho ataduduriye, yumvikanishije ko ivy’ubugeni bwa be na Alvin ngo biri mu migambi. Ariko yabwiye uwamubajije ico kibazo ko bazobamenyesha ryari ubwo bugeni buzoba.

Uwo muvyeyi w’abana 2, yanahakanye ivyo yarabajijwe aho humvikanyemwo ko ashobora kuba yarigeze kugira ubugeni, aho yishuye ko ivy’ubwo bugeni atavyo azi.

Mu baririmvyi 5 akunda cane gusumba abandi muri uno muziki wa hano iwacu, Alvin aza imbere y’abandi noneho hakazamwo 2 bava muri Bantu bwoy –Double jay na Kirikou-, hamwe na B face co kimwe na Preeze 36.

Nayo kuco akundira Alvin, Nirna yavuze ko amukundira amaboko mu gihe we yavuze ko amukundira ingidi -igisusu-, mu kiyago aheruka kugirana n’ikinyamakuru Jimbere Magazine.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775