EntertainmentAkes Donhomepagekirundimusicmuzik na wasaniUnicef Burundi

Iyo menya ko twahawe Laisser passer sinari kuyitora

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 15 Rusama niho umuririmvyi Magic Soldier Kingorongoro yaramuka abaza ikibazo agira nti: Laisser Passer mu kirundi ciza bayita mureke arengane none Passeport nayo ni gute?

Aho ni mugihe haheruka gusohoka indirimbo Passeport y’Umuririmvyi w’umurundi B-Face On the Flow aho bamwe mubakora uwo mudiho wa Rap bagize ico babivugako aho ntitwosiga inyuma nka Fabelove Kamirigado hamwe na Magic Soldier Kingorongoro

Aho kuri Indundi Tv Umuririmvyi magic Soldier Kingorongoro yabazwa uko yakiriye ubutumwa buri mundirimbo Passeport yagize nti:
“Umuntu wese na kamere yiwe kubwivyo rero nanje sinokwikubita kugikiriza ngo mvuge ibi canke biriya niyita uwambere”.

Aho yabandanije avuga ko B-Face kamere yiwe ari ukwiyemera kandi adasize inyuma ko Beaf arizo zanatumye aduga cane

Aho mwomenya ko ari Magic Soldier Kingorongoro yarahiye akarengwa ko atariko aboneka mundirimbo zo guterana amajambo n’aba canke bariya kuko ngonatariyo kamere yiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769