BurundiAkes DonDiasporadiaspora musicEntertainmenthomepagekirundimusicPassportPrimusic2019Sat-B

Mt number one avuga kw’itegurwa ry’ibiteramo azunguruka Uburundi

Mt Number one avuga ko akiri mu myiteguro kugira atangure gukora ibiteramo hano iwacu, naho muri leta zunze ubumwe za amerika ho adasiba kubikora.

Mu gihe asanzwe akorera ibikorwa vyiwe bitandukanye ngaha Iwacu, ariko ibikorwa vy’ukwisumamwo vya buri musi bikabera muri leta zunze ubumwe za amerika, Mt Number one yahishuye impamvu ata biteramo akorera aha iwacu.

Uwo muririmvyi ahora buri gihe akora ibiteramo bitandukanye muri leta zunze ubumwe za amerika, arikumwe n’abandi baririmvyi bagenziwe basanzwe bakorera ngaho nyene; avuga ko kuri uwo mugabane ahafise umurwi utari muto umufasha gutnganya ivyo biteramo.

Abajijwe impamvu hano iwacu atahikoza, avuga ko ikintu cose kiba igihe caco, ngo hano iwacu ntiharagera. Igituma ngo nuko ata murwi afise ubasha kumufasha gutegura vyo biteramo hano iwacu, ariko akavuga ko ariko aregeranya uwo murwi ngo bikunde ejo, hurya y’ejo canke mu myaka iza ngo abashe gukorera ibiteramo hano iwacu.

Mt Number one akaba yahavuye anagoboreramwo avuga ko bazotegura ibiteramo bitandukanye birimwo ukuzunguruka mu ntara zitari nke z’Uburundi. Aho ni mu gihe buri mwaka adasiba hano iwacu, kandi atareka gusohora uturirimbo tutari duke.

Mwokibuka ko Mt Number one ariwe mwene inzu y’ubuhinyanyuzi Indonyi Records, ariyo Masterland yatanguriyenwo gukorera mu gisagara ca Bujumbura inyuma akaza kwugurura Master Muzik Records.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 779