BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

T Max na Uncle Crazy boba bari mu nzira y’ugutanga igikorwa gishasha

TMax na Uncle Crazy bashobora kuba bafise igikorwa gishasha bariko barategura gushira ahabona.

Inyuma y’igihe ataboneka mu muziki ndundi, Uncle Crazy ngo yoba agiye kandi gusubira mu muziki.

Ivyo bikaba vyibajijwe kubera aka Video kabonetse ku rubuga rwa Facebook rw’umuririmvyi T Max, aho vyabonetse ko hari muri Studio barikumwe na Uncle crazy, bariko baririmba.

Ntiharabasha kumenyekana nimba ako karirimbo kazoba kitwa gute? Canke nimba bagakoranye canke ari akumwe muribo.

Uncle crazy akaba amaze igihe adashira ahabona igikorwa na kimwe, nayo T Max awe akaba yaheruka kumenyesha ko hari igikorwa ca Be na Big Fizzo, ariko kikaba kitarasohoka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760