Diaspora Organizationshomepage

Burundi: Umu Diaspora w’ukuri ni uwugendera imico n’akaranga vy’igihugu camwibarutse

Jean Berchmans Manirakiza, icegera c’uwurongoye ihuriro ry’abarundi baba mu mahanga “Diasopora Ndundi” arerekana umu diaspora w’ukuri.

Manirakiza amenyesha ko umurundi w’ukuri aba mu mahanga ari uwo wese agumana ubucuti n’imigenderanire myiza n’igihugu camwibarutse.

Ikindi kandi ngo nuko iyo umurundi ataye umuco w’ikirundi aheza akaba umwimukira.

Manirakiza atera akamo umurundi wese ko yokwitaho iterambere ry’igihugu camwibarutse hamwe no kugumana akaranga n’imico vy’ikirundi.

Ivyo Jean Berchmas Manirakiza yabishikirije kuri uwu wa kane inyuma yo gutera umukono ku ma sezerano y ubucuti hagati y’iryo huriro na Radiyo Indundi Culture FM agiye gushimikira kukwigisha imico n’akaranga vy’ikirundi urwaruka rwavukiye mu mahanga biciye mubiganiro.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 673