africa newsEast Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Zari niwe afata ikibanza ca 1 mu bakurikirwa cane muri Uganda

Zari ngo niwe wa mbere muri Uganda akurikiranwa cane ku rubuga rwa Instagram. Nayo ibihangange mu muziki muri Uganda ngo nubwo vyoteranya ababakurikirana ngo ntibanamwegera.

Zarinah Hassan benshi bazi nka The boss Lady, yavuze ko atigeze agura aba Followers kuri Instagram, nkuko bamwe mu batamwerekwa bagenda babivuga hirya no hino.

Uwo muvyeyi w’abana 5 avuga ko ivyo vyikoze, kandi agashimira abamukurikira kuko uno musi aribo bamugize uko nawe ari. Uwo mugore akaba gushika ubu afise abamukurikira barenga imiliyoni 7.

Zari akomoka mu gihugu c’Ubuganda, akaba ariwe wa mbere muri ico gihugu akurikiranwa cane. Ikinyamakuru co muri Uganda, Galaxy Fm, kikaba kimenyesha ko uteranije abakurikira abaririmvyi b’ibihangange muri ico gihugu batanegera abakurikirana Zari wenyene.

Mu butumwa aheruka gutanga ku rubuga rwiwe rwa Instagram, Zari yavuze ko hari amategeko akomeye muri Instagram, ku buryo uguze aba Followers kandi ufise urubuga ruri Verified (rwemejwe ko ariwe urukoresha), ngo bishoboka ko baca bakwugarira vyihuse urwo rubuga.

Uwo mugore akaba muri kino gihe akurikirana na Diamond nawe abiwe babarizwa mu miliyoni 8 bamukurikira ku rubuga rwa Instagram.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769