africa newsEntertainmenthomepagekirundimusic

Inzu y’igorofa Hamissa yimukiyemwo yateje uruhagarara ku mbuga ngurukanabumenyi muri Tanzania

Inzu Hamissa Mobeto agize imisi abamwo iri mu bwoko bw’amagorofa, abantu bariko bayivugako vyinshi, birimwo ko yoba ayipanze, mu gihe bigize igihe bivurwa ko uwo mukobwa yaguze iyo nzu iherereye mu gisagara ca Dar es Sallam.

Nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru Amani co muri Tanzania abivuga, uwo mwigeme ngo amaze kwibeshera ibintu bitari bike, murivyo, harimwo ivy’imodoka vyavurwa ko ari iyo yahawe, inzu vyavuzwe ko ariyo yaguze, mu nyuma hongera kuvurwa ko ari Diamond yayimuguriye, noneho ukuri kuza kumenyekana ko ariyo Diamond amupangiye.

Ivyo abamwegereye barimwo abafana biwe bakaba bavuga ko batabishigikiye kuko aribo bababara kuko aribo batukwa bigakomera ku mbuga ngurukanabumenyi, haramutse hamenyekanye ko harimwo ububeshi muvyo yashikirije.

Ayo makuru abandanya avuga ko mu gihe ibivurwa ari vyinshi kuri iyo nzu Hamissa yamaze kwimukiramwo, ngo we ubwiwe ntaco arabasha kuvuga kuri iyo nzu. Nayo ico kinyamakuru dukesha ino nkuru, Amani, ngo kikaba cagerageje kumurondera ariko kiramukenye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769