africa newsArsenalComedieshomepageIndundi Hits ShowsInkinointamba murugambakirundikirundi_SportsYvan muziki

Justin Ndikumana yaraye atowe nk’umukinyi mwiza yaranze urukino rwabahuje na Ulinzi Fc

Umunyegori w’intamba mu rugamba Ndikumana Justin abandanya yitwara neza mw’ihiganwa ryo muri Kenya.

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 10 Ndamukiza umwaka wa 2019 ku kibuga ca Machakos, umugwi Sofa Paka wari wakiriye umugwi Ulinzi Fc mu rukino rw’indwi ya 22 y’ihiganwa ryo muri Kenya, urwo rukino rukaba rwaraye rurangiye iyo migwi yompi inganije 0 Ku 0.

Naho iyo migwi yompi yanganije 0 ku 0, umunyegori w’intamba mu rugamba Justin Ndikumana yaraye atowe nk’umukinyi mwiza yaranze urwo rukino.

Rikaba rigira kabiri uyo munyegori w’intamba mu rugamba atorwa nk’umukinyi mwiza yaranze urukino.

Umugwi Sofapaka Fc asanzwe akinamwo ukaba uri mu kibanza ca 2 hamwe n’amanota 41 mu nkino 22 .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 884