homepagekirundi_Sports

Urunani na Dynamo bagiye kusubira guhura muri finale

Umurwi w’urunani hamwe na Dynamo igiye gusubira guhura mu rukino rwanyuma rwa Finale rw’igikombe c’incungu .

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 13 Gitugutu 2023 , niho umurwi wa Dynamo wakina na Tigers mu gikombe c’incungu, birangira Dynamo itsinze amanota 86 kuri 59 ica ironka amahirwe yo gukina urukino rwanyuma, finale .

Ku rundi ruhande, Urunani rwatsinze Remesha amanota 70 kuri 63, bituma narwo ruronka itike ryo gukina urukino rwa nyuma.

Dynamo hamwe n’Urunani akaba ariyo migwi ifise abakunzi benshi, izohura igenekerezo rya 29 Gitugutu 2023 ku kibuga ca Département des Sports, mu rukino rwa finale rw’ico gikombe c’incungu .

Mwomenya ko ico gikombe uko umwaka utashe cama gitunganywa n’ishirahamwe Fondation Pax Burundi .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,862