BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Alvin Smith ashaka uwo bamana nk’izuru n’umunwa

Umuririmvyi Alvin Smith Ngo yipfuza Manager, iryo tangazo ryasohowe n’uwo muririmvyi rikaba ryashizwe ahabona kuri uwu wa mungu mu masaha ya sasita ku rubuga rwiwe rwa Whatsapp.

Uwo muririmvyi yavuze ko abantu botandukanye ngo ntashaka umu Sponsorer, ahubwo ashaka uwo baba barikumwe aho ari hose, yaba umuhungu canke Umukobwa.

Alvin Smith akaba Kandi yavuze ko adashaka uwo azokenera ntabone, ahubwo ngo ashaka uwo bazokwamana nk’ipata n’urugi.

Uwo muririmvyi akaba yavuze ko uwo muntu aramutse abonetse ngo yomurondera bakavugana ivy’akazi.

Alvin akaba abishikirije mu gihe yaheruka kuvuga ko uwuraba ibijanye n’igurishwa ry’indirimbo ziwe ku mbuga zigurisha umuziki ari umugabo azwi kuri Instagram nka Tugumadori. Alvin akaba ariwe brand ambassador wa Tugumadori Boutique isanzwe idandazwa imipira y’aba Star barimwo n’iya Alvin ubwiwe.

Uwo Mugabo akaba ariwe yahora yiruka mu tuntu twose tujanye n’ivyo aba ariko arakora.

Ku bavyibuka, Alvin Smith yararushe cane kugira Indirimbo zibiri aheruka gukorera mu Rwanda zikirwe, akaba yabashije kuja i Kigali incuro hafi 3 zose mu kiringo kidashika amezi 2, aho yarajanywe n’ibikorwa vy’umuziki nyene.

Uwo muntu Alvin akeneye akaba ariwe azohora aja kurondera ibintu vyose uwo muririmvyi azoba akeneye, bikaba bishoboka ko bizoba birimwo no kuja kumuronderera ivyo kunywa no kurya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760