africa newsAkes DonEast Africa NewsEntertainmenthomepageIndundi Hits ShowskirundiMagic Soldier Kingorongoromusicmuzik na wasaniPassport

Kenya nayo yatanguye guhagarika indirimbo za Diamond

Kenya nayo yahambije igihugu ca Tanzania mu gutangura guhagarika zimwe mu ndirimbo za Diamond, ziba zahagaritswe mu gihugu ciwe c’amavukiro.

Indirimbo “Kwangwaru” yashizwe ahabona na Diamond arikumwe na Harmonize mu mwaka wa 2018 mu kwezi kwa 2, iheruka guhagarikwa mu mashure yo mu gihugu ca Kenya. Imvo ngo nuko ifise amajambo adatanga inyigisho bipfuza ku benegihugu.

Iyo ndirimbo ikaba ibaye iya 1 y’uwo muririmvyi ihagaritswe mu gihugu ca Kenya, nk’uko ayo makuru dukesha ikinyamakuru co muri Afrika y’ubuseruko abandanya abishikiriza.

Ezekiel Mutua atwara igisata ca Kenya Film Classification Board, akaba yamenyesheje kuri uyu wa 5 ko iyo ndirimbo itosubira kuvuzwa mu mashure. Yongerako ko adatahura igituma indirimbo zahagaritswe mu bihugu zikomokamwo, ziba zirekuwe kuvuzwa mu gihugu ca Kenya.

Aho uwo mutware nyene akaba yanamenyesheje ko ivyo bihangange nyene biheze bikaja kwegeranya amafaranga muri ico gihugu bikisohokera igihugu bitabanje n’ukuriha ikori, gutyo ngo bakaja kuriha mu gihugu iwabo.  Ivyo ngo bikaba bigiye guhinduka.

Ivyo bikaba bishikirijwe mu gihe baheruka kuva mu gihano bari bahawe n’igisata kigenzura abanyabuhinga muri Tanzania, aho bari barenze ku mabwirizwa atari make, harimwo kuririmba indirimbo Mwanza yahagaritswe muri ico gihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769