EntertainmentAkes DonhomepagekirundimusicPassport

Sheebah Karungi agiye kuzohura na Sat B kuri Stage imwe i Bujumbura

Sat B, Natacha , MB Data hamwe na Iry Tina nibo bagiye kuzoherekeza Sheebah Karungi i Bujumbura  mu giteramo ku butumire bw’abarongoye Cristal Event yaronkejwe.

Sat-B & Sheebah Karungi

Abarongoye Cristal Event baheruka gushikiriza ko bagiye kuzana umuririmvyikazi wo mugihugu c’Ubuganda Sheebah Karungi i Bujumbura mu giteramo kw’igenekerezo rya 29 Ntwarante 2019, uwuserukira ubutambiro le Cristal ariwe Bizimana Paulin niho basinya amasezerano hamwe n’abasazwe barongoye management y’umuririmvyikazi Sheebah Karungi agiye kuza kuzoteramisha abanya Bujumbura kw’igenekerezo rya 27 Ndamukiza mu kibanza co mw’ibarabara Boulevard de l’Uprona.

Kuri uno musi wa kabiri igenekerezo rya 9 Ndamukiza 2019 niho bashoboye kumenyesha abazomuherekeza baha i Bujumbura muri ico giteramo , nabo akaba ari Sat B, Natacha, Iry Tina hamwe na MB Data.

Mwomenya ko umuririmvyi Sat B yaheruka guhurira kuri Stage imwe n’umurwi wabaririmvyi Sauti Sol wo mu gihugu ca kenya mu giteramo baribitiriye LIVE CONCERT SAUTI SOLmunyuma baca banakorana indirimbo gushika ubu itarasohoka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 754