Burundihomepagekirundi

Ibiciro vyadugiye rimwe n’Ibiciro ya Kaka Boney

Indirimbo ibiciro ya Kaka boney isubiye gukundwa kundi gushasha, kuko irimwo amajambo ariko arakoreshwa na benshi mu gushikiriza akari ku Mutima kubera iduzwa ry’ibiciro.

Inyuma yaho hamenyekaniye ko ihinguriro ry’ibinyobwa Brarudi, ryadugije ibiciro, abatari bake batanguye gukoresha iyo ndirimbo bibaza uko bagiye kuzobaho.

Hampande ya Kaka Boney yasubiye kugaruka, hanabonetse bamwe bamwe batanguye kwerekana ko hashobora kuboneka iyindi nzira bokoresha mu kwimara inyota.

Nkuko vyabonetse Inzoga zagarukanywe cane ni nk’impeke, iyo bita Jolie Jus canke Inzoga bakunze kwita Liqueur ariko zo mu macupa matomato. Aho havugwa ko bamwe bari baraziteye akagere, abandi bakegeza hirya abazidandaza, none ngo bagiye gusubira kubiyegereza hamwe n’ivyo badandaza.

Hampande y’ibidandazwa habonetse n’ama Memes agaruka ku bijanye n’iduzwa ry’utu na turiya, aho n’uwihenze kwi tariki nawe yaguye mu mporero, aho ngo nawe yadugije amatariki.

Naho vyavuzwe cane kubera iryo duzwa ry’ibiciro vy’iryo hinguriro ry’ibinyobwa, abatari bake bataye umwikomo kw’ishirahamwe ry’ugutumatumanako amakuru Lumitel, kuko ngo ariryo ryatanguye ibintu vyo kuduza ibiciro.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 746