Entertainmenthomepage

Urugendo rw’umuririmvyi Natacha Ngendabanka mu bihugu vya buraya rwabaye ngirakamaro

Inyuma y’amezi agera

kuri abiri atabarizwa mu Burundi, umuririmvyikazi Natacha NGENDABANKA yatahutse ava Ku mugabane wa Bulaya , akaba yakiranywe akanyamuneza kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 06 Myandagaro.

 

Hambavu y’urugendo rwiwe yararonse akaryo keza ko kuruhuka hamwe n’umuryango wiwe umuririmvyikazi Natacha NGENDABANKA yararonse akaryo kokubonana n’abatari bake bari mubisata bitandukanye bajejwe iterambere ry’umuziki kuri uwo mugabane. Natacha akaba amenyesha ko akunguko kavyo kagiye kugaragara mu misi itari mike.

Ikindi ni uko amasezerano yose amaze gutosorwa n’abakurikirana ivy’amategeko ku mpande zose uko ari zibiri, hasigaye gushirako umukono kugira ibikorwa nyezina bizoce bitangura. Agarutse kandi guteramisha abakunzi biwe mu gisagara ca Ngozi hakazoba ari kw’igenekerezo rya 12 Myandagaro 2023 kuri New Belvedere.

Umuririmvyikazi Natacha akaba yakiriwe ku kibuga c’indege ca Bujumbura n’umuririmvyi H.Baba ava muri Tanzania hamwe na Leo Brown umu Manager w’umuririmvyi Awilolo Ngomba.

Umuririmvyikazi Natacha akaba yemeje ko hagiye kuboneka collabo zitandukanye hamwe n’ibiteramo mpuzamakungu muri uyu mwaka turimwo.

Yamenyesheje kandi ko mu kwezi kw’icenda agiye gusubira kandi kumugabane wa Buraya, akazoca kandi agenda mu gihugu kimwe ca Afrika atashimye kuvuga, ariko isango ryo guteramisha abanye Ngozi kuri New Belvedere ivenekerezo rya 12 nyakanga ntirirahinduka

What's your reaction?

Related Posts

1 of 704