societe

Ruyigi :Igikorwa ca CICR co guhuza imiryango yatatanye kirashimwa cane

Guhuza Imiryango yatatanye kubera intambara canke n’ibiza ,n’igikorwa gisanzwe gikorerwa mu Burundi bwose kigakorwa n’umuryango utabara imbabare CICR ufatanije n’abajejwe n’intwaro .

Berte Nshimirimana wo ku mutumba Nyakayi, zone Bwagiriza komine Butezi Intara ya Ruyigi n’umwe yasubiye kubona ikibondo ciwe biciye mu butumwa butangwa na CICR.

UmukenyezI Nshimirimana Berthe aba ku mutumba Nyakayi, avuga ko bamaze guhunguka bava mu gihugu ca Tanzaniya,umwana w’iwe w’umwigeme Irambona Jessica yahavuye agenda kwisumamwo mu gisagara ça Bujumbura ariko,Umuvyeyi w’iwe ntiyasubira kuronka amakuru yiwe, ivyatumye agira agahinda kenshi na rirya bamwe mu bandi bana bagiye barapfira mu buhungiro .

Uwo mupfasoni akavuga ko ubutumwa bw’umwana wiwe yazaniwe n’umuryango mpuzamakungu utabara imbabare CICR, ubutumwa bwaje buvuye mu gihugu ca Republika iharanira intwaro Rusangi ya Congo, bumumenyesha ko Irambona Jessica akiriho bwamuruhuye ku mutima .

Umunezero ukaba wahavuye urushiriza igihe umukobwa wiwe Irambona Jessica amwandikiye ubundi butumwa bumumenyesha ko agiye gutaha, mu nyuma araheza aratahuka azanye n’ibibondo 2 yibarukiye mu mahanga, gutyo umuvyeyi Berthe Nshimirimana araheza aba ariboneye n’akuzukuru .

Nestor Habonimana avukana wa Jessica avuga ko basubiye gukubita ijisho umuvukanyi w’abo vyabanezereye mbere bituma hasubira kuboneka akanyamuneza mu muryango .
Mu burongozi bw’intara ya Ruyigi barashima igikorwa ca CICR co guhuza imiryango yatatanye ,umuhanuzi wa Buramatari mu vy’imibano n’iterambere Alphonsine Nahayo, akavuga ko iyo mu miryango hari ukuganira biciye mu butumwa bituma haba kumenya uko uyu n’uriya amerewe, ati abajejwe intwaro n’abavyeyi nabo basabwa kwitaho mwen’abo baba barigeze kuba baratatanye n’imuryango yabo hamwe no kubaha indero yo ku ziko.

Livingstone Ndoricimpa ajejwe igisata muri CICR co guhuza imiryango yatatanye n’ababo #RLF

Uwujejwe igisata muri CICR co guhuza imiryango yatatanye n’ababo #RLF Livingstone Ndoricimpa asigura ko ico gikorwa kitoroshe kuko gisaba kwitonderwa kuko hari aho usanga mu gihe basubijwe mu miryango badafashwe neza bashobora gusubira kuyivamwo .
Mu mwaka wa 2022,ubutumwa bwatanzwe ico bita MSG Croix rouge ku miryango yatatanye bukaba bugera ku 4294, abantu bagera kuri 188 barasaba gufashwa ko borondererwa ababo, nayo abana 46 barasubizwa mu miryango yabo .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 20